Akijuru

Akijuru A Burundian talented in art especially in movie acting and screen writing

⭕ Gutwenga biratangaje,Utwengera incuti ikanezerwa,utwengera uwukwanka bikamubabaza, utwengera indyadya ikikeka,utwenger...
20/05/2026

⭕ Gutwenga biratangaje,

Utwengera incuti ikanezerwa,
utwengera uwukwanka bikamubabaza,
utwengera indyadya ikikeka,
utwengera uw'utazi mukaba incuti canke ukamuhindurira mood,
uretse ko inseko ari na nziza kumagara yawe,

Hora wisekera 😍🤗

19/05/2026

Ibi bikunda gushikira abahungu baja kuresha babwiye abakobwa umugore bashaka ukw'ameze,
mureke yisanzure abe uwari, bizogufasha guhitamwo neza. 🤷🏽‍♀️

⭕ Nimba inyuma y'igihe runaka wama ubona abantu bavuye mubuzima bwawe (que ça soit en amour ou en amitié) ndetse bakanab...
18/05/2026

⭕ Nimba inyuma y'igihe runaka wama ubona abantu bavuye mubuzima bwawe (que ça soit en amour ou en amitié) ndetse bakanabivamwo nabi bakwandikiye canke baguterefonye, trust me ur'umuntu mwiza bitesheje hanyuma munyuma barakwicuza batakikuronse.

Gusa jewe mbonye izo messages n'izo calls mbanza gutwenga n'imbavu zikababara nibutse uko bagiye 😁😂😂😂😂🤭

⭕  Dimanche nziza ku mwese bakunzi 🥰,Hanyuma basaza bacu baze batubwire!kberik abakobwa b'inzobe mwumva kenshi umeng nib...
17/05/2026

⭕ Dimanche nziza ku mwese bakunzi 🥰,

Hanyuma basaza bacu baze batubwire!
kberik abakobwa b'inzobe mwumva kenshi umeng nibo beza?
abirabura n'ab'inzobe twese turi beza ariko kberik inzobe?
mwayibonyemw iki?😁😁😁,

⭕ Mwite Sahili NKURU   umukinyi wa Films akina neza, ntushobora karaba film yakinye ngo ntutwenge ariko kandi uraniga, j...
16/05/2026

⭕ Mwite Sahili NKURU umukinyi wa Films akina neza,
ntushobora karaba film yakinye ngo ntutwenge ariko kandi uraniga, jewe ntagikorwa nobona kw'arimwo sindakirabe.

Iyi nshasha yitwa "Intahe" ubaye utarayiraba, nyaragasa uyirabe link iri 👇👇👇 muri commentaires

⭕ Mugire igitondo ciza na Go Far Recruitment Office ,Twigire gukorera Dubaï ubuzi burahari kandi muburyo bwizewe📍Dukorer...
12/05/2026

⭕ Mugire igitondo ciza na Go Far Recruitment Office ,
Twigire gukorera Dubaï ubuzi burahari kandi muburyo bwizewe

📍Dukorera muri Quartier Gihosha, Avenue Musagara, No.12

📞 +2579889633/+25779889633

12/05/2026
Happy Mother's Day kuba Mamans bose aho muva mukagera, mwubahwe , mur'abagaciro cane mumiryango no kugihugu, especially ...
10/05/2026

Happy Mother's Day kuba Mamans bose aho muva mukagera, mwubahwe , mur'abagaciro cane mumiryango no kugihugu, especially kubibondo vyanyu🙏🏽🙏🏽🙏🏽.

Maman wanje wewe wantwaye amezi icenda munda , ukanyibaruka ukankunda ukandera, wumve ko nkukunda kandi nkunshimira cane, ndanashimira Papa aho yibereye kwa Dawe wa twese, kuba jewe n'abavukanyi banje yaraduhitiyemwo Maman mwiza, aho ari arahimbawe ko utigeze narimwe ureka kwitwararika no gukunda ibibondo yagusigiye🙏🏽🙏🏽🙏🏽.

Aba Mamans ni beza ariko mvuze cane Maman wanje kuko ariwe nzi nakuze mbona, umu Maman yitwararika abana biwe, yamye akora buri kimwe kugira abana biwe ntibagire ico bamuburana, yamye yirinda kubona amarira canke agahinda maso y'uruvyaro rwiwe, n'ukuri wubahwe.

On this special day nipfuje kugushimira no kukubwira ko nibuka ineza yawe, ico nisabira Imana ni kukunzigamira tukarambana nkakunezereza caneee kuko urabibereye Mawe wanje.

Nakwigiyeko vyinshi vyiza , nanje abazonkomokako uko bazoba bangana kwose, ntibazigera babura urukundo no kwitwararikwa eka nokwitangirwa kuko mfise akarorero keza, wanyigishije kandi kwiha agaciro no kwiyubaha, gukunda gukora, no gusenga, navyo nzobigendera.

Happy Mother's Day grand mère wa Kiara ❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️🫂,

Aba Mamans bose mubwahwe, atamwebwe ubuzima ntibworyoha ❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️❤️🙏🏽🙏🏽🙏🏽🙏🏽🙏🏽🙏🏽🙏🏽

⭕ Wosangira compte na Chr, umugore canke umugabo wawe?Canke umwe wese yogira gwiwe hanyuma  ari nk'umugambi mupanga guko...
06/05/2026

⭕ Wosangira compte na Chr, umugore canke umugabo wawe?

Canke umwe wese yogira gwiwe hanyuma ari nk'umugambi mupanga gukora umwe wese akazana akuye kuri compte yiwe? 🤷🏽‍♀️

⭕ Hari kw'itariki nk'iyi aho umukinyi w'amareresi Izzo Chris yabona izuba,Ni umukinyi mwiza kandi ndabihamya ko n'umutim...
05/05/2026

⭕ Hari kw'itariki nk'iyi aho umukinyi w'amareresi Izzo Chris yabona izuba,
Ni umukinyi mwiza kandi ndabihamya ko n'umutima wiwe ari mwiza cane.

Mumfashe abakunzi biwe tumwipfurize isabukuru nziza 🥳🥳🥳🥳🥳,

wamukunze cane muyihe film?

⭕ Tuvuka twiga kuvuga , tugakura twiga kunuma.
04/05/2026

⭕ Tuvuka twiga kuvuga , tugakura twiga kunuma.

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Akijuru posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category